Abahinga bavuga ko kunywa itabi bitonona amahaha gusa ahubwo n'amaso

Itabi Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Itabi rishobora gutera indwara z'amahaha, amaso na kanseri

Abahinga baragabisha amamiliyoni y'abanywi b'itabi ko bariko bariyononera mu kubandanya barinywa.

Icigwa cakozwe n'ishirahamwe ry'abaganga bavura amaso, Association des optométristes (AOP) ryo mu Bwongereza, cerekana ko umwe kuri batanu ari bo bemera ko kunywa itabi bishobora gutera uruhumyi.

Ikigo kijejwe abafise ubumuga bw'amaso (Royal National Institute of Blind People, RNIB ) muri ico gihugu kivuga ko abanywa itabi bashobora kugira ibibazo vy'uguhuma amaso canke bikunyuka.

Ivyo ni ukubera umwotsi w'itabi ushobora kwonona ibice bimwe bimwe vy'amaso.

Ni gute itabi rishobora kwica amaso yawe?

Umwotsi w'itabi ufise ubumara bubi bushobora gutuma amaso yononekara.

Nk'akarorero, urya mwotsi urimwo ubumara bushobora kwirundanya mu mbonero, bigatuma umuntu ashobora kwandura ya ndwara ya cataracte.

Itabi rishobora kandi gutuma indwara y'amaso iturutse ku gisukari yunyuka mu kwonona udutsi tw'amaraso two mu maso.

Abanywa itabi barashobora kugira ingorane z'ukutabona neza kubera ubusaza ku ncuro hafi zitatu gusumba abatarinywa.

Abanywa itabi barashobora kwandura indwara z'uruhumyi ku ncuro 16 gusumba abatarinywa, bivuye kw'iyononekara ry'umutsi winjiza amaraso mu jisho, bigatuma amaraso adashobora gushika mu jisho, ivyo navyo bigashobora gutuma umuntu yandura uruhumyi.

Mu matohoza yakozwe ku bantu bakuze 2006, ibice 18 kw'ijana (18%) bavuze atagushidikanya ko itabi rishobora gutuma, ku rugero runini, umuntu ahuma canke atakaza ubushobozi bw'ukubona, mu gihe ibice 76 kw'ijana bari bazi ko itabi rishobora gutera kanseri.

Ishirahamwe AOP rimenyesha ko guheba kunywa itabi ari imwe mu nzira nyazo z'ugukingira amaso, hampande y'ukwipimisha buri igihe.

Aishah Fazlanie, umuhanuzi ku vyerekeye amaso muri iryo shirahamwe, avuga ati: "Abantu basa n'abatahura isano riri hagati y'itabi na kanseri, ariko abenshi ntibabona ingaruka zishobora guterwa n'itabi ku maso".

"Itabi rishobora gutuma ingorane z'ukutabona neza bivuye ku busaza ziyongera, arico gituma abanywa itabi bakwiye kuraba ingene boriheba".

Abanywa itabi bagenda bagabanuka

Mu Bwongereza, ibice 17 kw'ijana vy'abagabo, na 13 kw'ijana vy'abagore - ni ukuvuga imiliyoni 7 n'ibice bine - ni abanywi b'itabi. Ibice birenga 61 kw'ijana muri bo bavuga ko bipfuza kuriheba.

Ibitigiri bitangwa n'ikigo kijejwe kwegeranya ibiharuro muri ico gihugu vyerekana ko igitigiri c'abanywa itabi kigenda kigabanuka, aho mu mwaka wa 2011 ariho vyakorotse gusumba ku bari hagati y'imyaka 18 na 24.

Mu mwaka wa 2017, hafi imiliyoni zitatu - ibice 5,5 kw'ijana vy'Abongereza - barakoresha isigareti ry'ubuhinga bwa none (e-cigarette), abenshi muri bo bakavuga ko vyobafasha guheba itabi burundu.