Ingabo za Somalia zakuye Al Shabaab kuri hoteri Nasa Hablod

Hoteri Nasa Hablod yari imaze amasaha 20 yugarijwe Uwufise ububasha kw’isanamu NONE
Image caption Abantu bagera ku 20 nibo bamaze kumeneykana ko basize uibuzima mu gitero co kuri hoteri Nasa Hablod

Abantu batari munsi ya 20 nibo bamaze kimenyakana ko biciwe muri hoteri Nasa Hablod, yagabweko ibitero bibiri vy'ibisasu ku munsi wa gatandatu.

Umwe mu bategetsi bajejwe umutekano ku rwego rw'intara ari mu bantu baraye bahitanywe n'ibitero vya Al Shabaab kuri iyo hoteri yo mu muji wa Mogadishu.

Kuri uyu w' Imana abajejwe umutekano bashoboye kwinjira muri iyo hoteri, inyuma y'amasaha arenga mirongo ibiri yugarijwe.

Birakekwa ko hashobora kuba hari ibindi biziga bishobora gutorwa mwo, kuko abajejwe umutekano batarashobora kuhakizura.

Umuvugizi w'ubushikiranganji bw'umutekano Abdiaziz Ali Ibrahim, yabwiye abanyamakuru ko babairi mu bayoboke ba Al Shabaab bagavye ico gitero baguye muri co, abandi batatu bafatwa ari bazima.